Abanyarwanda 5 bafatiwe Londres ku vyaha vya jenoside

Ibiherutse kuvugururwa: 30 ukwa gatanu, 2013 - 15:47 GMT

Abo bafatiwe Londres bagirizwa kuba baragize uruhara rw'imbere mu kumara abantu muri jenoside yo mu 1994

Abanyarwanda batanu (5) bafatiwe mu Bwongereza ku cifuzo c'Urwanda kugira barungikwe muri ico gihugu baje gukurikiranwa n'ubutungane ku vyaha bikorewe zina kiremwa muntu.

Abo bantu ni:

Emmanuel Nteziryayo yahoze ari umukuru wa commune Mudasomwa;

Charles Munyaneza yahoze ari umukuru wa commune Kinyamakara;

Celestin Ugirashebuja yari umukuru wa commune Kigoma;

Dr Vincent Bajinya yakora muri ONAPO hamwe na

Celestin Mutabaruka yari umuyobozi wa Projet Crete Zaire Nil muri Gikongoro.

Barengutse muri sentare i Londres.

Bagirijwe kuba baragize uruhara rw'indongozi muri jenoside yo mu 1994 igihe ibihumbi n'ibihumbi vy'abatutsi n'abahutu bihanganira abandi bagandagurwa.

Mu 2009, bane muri abo bari bari batsinze urubanza bari bunguruje ku ngingo yari yafashwe yo kubarungika mu Rwanda. Ico gihe abacamanza bavuga ko ata rubanza rwiza bari kuronka mu Rwanda.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.