FIFA:Ingingo nshasha zo kurwanya ivangura

Ibiherutse kuvugururwa: 31 ukwa gatanu, 2013 - 13:03 GMT

FIFA yemeje amategeko ahana ivangura

Ingingo nshasha z'ishirahamwe FIFA ziteganya gukomeza ibihano ku caha c'ivangura rifatiye ku rukoba zatowe n'amajwi menshi.

Inyuma y'ayo matora, umunyamabanga mukuru wa FIFA Jerome Valcke, yabwiye BBC kw'ayo mategeko azofasha abakinyi hamwe boramuka bahuye n'ikibazo c'ivangura.

Yongeyeko ko aya mategeko kandi ataraba abakinyi gusa, ahana n'abategetsi hamwe n'abafana.

Ibihano biteganijwe birimwo ko umukinyi azoramuka yagirirwe n'ico caha c'ivangura ashobora guhagarikwa gukina n'imiburiburi inkino zitanu.

Imirwi nayo ishobora gukurwa amanota, ikanasubizwa mu cicaro co hasi hamwe abafana bayo bakomeje gukora amakosa.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.