Burundi: Prezida Nkurunziza yasinye itegeko rigenga itangazamakuru

Ibiherutse kuvugururwa: 4 ukwa gatandatu, 2013 - 16:54 GMT
Abanyamakuru mu myigaragambyo

Umukuru w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, yasinye itegeko rigenga itangazamakuru ryanenzwe ko rihungabanya ukwishyira ukizana mu gutanga ibitekerezo.

Iryo tegeko ribuza gutangaza amakuru ahungabanya umutekano w'igihugu n'ubukungu bw'igihugu.

Rinategeka abanyamakuru kuvuga aho bakuye amakuru, bagashobora no guhanishwa igihano cy'amande agera ku bihumbi bitanu by'amadollar y'Amerika.

Iri tegeko rishasha ryashizweko umukono n'umukuru w'igihugu kuri uno wa kabiri , ni rimwe mu mategeko yateye impari haba mu nama nshingamateka na nkenguzamateka kuva mu kwezi kwa kane k'uyu mwaka.

Iryo tegeko rikaba ryasubijwe inyuma incuro zibiri zose mu nama nshingamateka na nkenguza mateka inyuma yaho amashirahamwe y'abamenyeshamakuru yo Burundi hamwe n'amashirahamwe mpuzamakugu aharani agateka kazina muntu yerekaniye ko harimwo utunenge twinshi .

Iri tegeko rishasha rigenga umwuga wo kumenyesha ryatanguye kuja mu ngiro kuva uno munsi ku wakabiri igenekerezo rya 4 z'ukwezi kwa gatandatu umwaka 2013.

Ingingo ahanini amashirahamwe y'abamenyeshamakuru yo mu Burundi na mpuzamakungu yiyamirije avuga ko zije gusubiza inyuma umwuga wo kumenyesha amakuru , harimwo ugusaba umumenyeshamakuru kuvuga iyo yakuye amakuru mu gihe yoba abangamiye ubumwe bw'igihugu , umutekano n'ibindi .. hamwe n 'amende ari hagati y'imillioni 2 n'umunani (8)z'amafaranga y'amarundi azotangishwa umumenyeshamakuru mugihe agize amakosa ariko ararangura umwuga wiwe..

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.