Turkiya: Park y'i Istambul izokubakwa

Ibiherutse kuvugururwa: 6 ukwa gatandatu, 2013 - 14:22 GMT
Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yavuze ko umugambi wo kubaka ahasanzwe hari Park mu muji wa Istambul, uzobandanya naho wiyamirijwe mu myigaragamvyo ikomeye.

Yavuze ko abanyamacakubiri bahinduye imyiyerekano bayigira iyo kwiyamiriza leta, kandi yari yatanguye ari iy'abarengera ibidukikije mu ndwi iheze.

Bwana Erdogan ivyo yabivugiye i Tunis, akaba yaciye acira hagati urugendo yarimwo mu buraruko bwa Afrika.

Mu gusubiza ijambo ry'umushikiranji wa mbere, umwe mu migwi itegura imyiyerekano waciye uhamagaza imyiyerekano ikomye kuri uno mugoroba mu gihugu cose.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.