Turkiya:Erdogan arabuza gukomeza imyiyerekano

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa gatandatu, 2013 - 06:20 GMT

Resep Tayyip Erdogan

Ku kibuga c'indege ca Istambul,bwana Erdogan yabwiye isinzi ry'abari baje kumwakira avuye mu rugendo rw'iminsi ine muri Afrika, ko imyiyerekano iri mu gihugu iciye kubiri n'amategeko.

Ico gihe yavuga ivyo, ibihumbi n'ibihumbi vy'abiyamiriza leta bari bakoraniye ku kibuga ca Taskim mu muji wa Istambul nyene.

Iyo myiyerekano yatanguye biturutse ku murwi wiyamiriza ko ikibanza ca park muri Istambul cubakwamwo, ariko iza gukwira igihugu cose.

Abantu baharurwa mubihumbi icumi bashigikiye umugambwe AKP wa bwana Erdogan bazindutse ku kibuga c'indege kumusanganira mu gatondo ka kare.

Imyiyewrekano ibwirizwa guhagarara

"Imyiyerekano idashingiye ku mategeko ibwirizwa guhagarara ubu bwa none."

Recep Tayyip Erdogan

Yahagaze mjuri Bus yuguruye hejuru, ari kumwe n'umutambukanyi wiwe ahagatiwe n'abashikiranganji, abwira isinzi ryari ngaho ati:

Rimwe na rimwe, urwamo rw'iryo shengero ry'abantu rwahakwa kumurengera.

Yavuze ko gihugu kitigeze gishigikira imishamirano, canke inzankano hagati y'imirwi y'abanyagihugu, ariko ko kidashobora guha ikibanza abitwaza inguvu.

Bamwe mu bamushigikiye baterera mu majwi baririmba ngo reka tugende dusibanganye Taksim.

Ariko bwana Erdogan yabasavye gusubira muhira batekanye.

Yababwiye ko baranzwe no gutekana, ubwitonzi no gukoresha umutimanama, ati "twese tuva hano dutaha imuhira".

Nayo ku basaba ko yotanga imihoho bavuga ko yaronse amajwi 50% gusa mumatora yo 2011, yabishuye ko yakoreye abanyagihugu bose uko ari miliyoni 76, kuba mubuseruko kugeza mu burengero.

Umunyamakuru wa BBC Mark Lowen ari Istambul avuga ko kubona isinzi ryamwakiriye vyerekana ko bwana Erdogan agifise abamushigikiye abatari bake.

Ariko ngo amajambo yashikirije ashobora gukongeza umuriro ku bamwiyamiriza.

Uwo munyamakuru aravuga ko bigaragara ko abanyagihugu ba Turkiya biciyemwoibice kandi ayo macakubiri agiye gutera yiyongera muminsi iri imbere.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.