ONU yateye akamo ko gufasha abanya Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa gatandatu, 2013 - 13:41 GMT

Impunzi z'abanya Syria

Akamo ka ONU kavurwa ko ariko ka mbere gakomeye iteye kuva yagashingwa, n'ako gusaba miliyaridi zine z'ama dollars ziyongera kuri miliyaridi imwe yari yasabwe gukoreshwa uyu mwaka.

Ishirahamwe mpuzamakungu riteganya ko igitigiri c'impunzi z'abanya Syria n'abandi bakeneye infashanyo bari mu gihugu kizokwiyongera cane.

Ako kamo ko kurondera infashanyo gatewe inyuma y'iminsi ibiri gusa, higijweyo ibiganiro vy'amahoro vyari bitegenijwe kuri Syria.
Isango rya hafi rishoboka kuri ivyo biganiro rishobora kugera n'imiburiburi mu kwezi kw'indwi uyu mwaka.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.