US:Ubutasi kuri telephone na internet

Ibiherutse kuvugururwa: 7 ukwa gatandatu, 2013 - 17:54 GMT

Perezida Barack Obama

Bwana Obama yavuze ko ata muntu n'umwe yumvirije telefone z'abanyamerika, ariko ko ingingo zafashwe zari zikenewe kubera gukingira umutekano.

Yongerako ko ata kwinjira mu buzima bwite bw'abanyagihugu kwabaye.

Yemeza ko ico gikorwa co kugenza abantu, camenyekanye biciye mu binyamakuru, cashizweho mu ntumbero yo kwitanga no kwirinda ibikorwa vy'iterabwoba, kandi ko cemejwe n'inama nshingamateka.

Amajambo ya perezida Obama, akurikiye inkuru zemeje ko ingingo y'inzego zo hejururu mw'iperereza muri Amerika, yasavye imwe mu mashirahamwe akomeye mw'itumatumanako Varizon, gutanga ivyo ifise ku banywanyi bayo ku rwego rw'iperereza rwa Washington.

Ibinyamakuru biravuga kandi ko inzego z'iperereza za Amerika zinjiye ku mu mabanga y'imbuga za internet zikomakomeye, kugira zikwirikirane abantu.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.