Igisirikare ca Syria catse utundi turere abarwanya leta

Ibiherutse kuvugururwa: 8 ukwa gatandatu, 2013 - 17:21 GMT
Qusair isigaye ari ibihomoka gusa

Qusair isigaye ari ibihomoka gusa

Igirikare ca leta ya Syria gifashijwe n'abarwanyi ba Hezbollah casubiranye ibigwati bikikuje umuji wa Qusair.

Ibi vyaheraheje igikorwa ca gisirikare gikomeye caciye inzira abarwanya leta baronkeramwo ivyo bifashisha bivuye muri Libani.

Television ya Syria yerekanye amasanamu y'amabarabara atarangwamwo umuntu n'umwe, yuzuye ibihomoka mu kigwati ca Bouweida, cafashwe ubwa nyuma.

Abarwanya leta baciye bigira inyuma bahungira hakuyra muri Libani.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko gusubirana umuji wa Qusair ari umugambi wa leta ya Syria wo kuzibira umuhora abarwanyi bakoresha mu kuronka ibikoresho, bakabirukana mu micungararo ya Damas.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.