Libya: Igisirikare cahagurukiye Benghazi

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa gatandatu, 2013 - 16:07 GMT
Uruhagarara rw'i Benghazi ku munsi w'ejo

Uruhagarara rw'i Benghazi ku munsi w'ejo

Umukuru w'igisirikare ca Libya yategetse abasirikare biwe gufata ibigo vyose bitegekwa n'umugwi w'abarwanyi mu muji wa Benghazi.

Vyakurikiye urupfu rw'abantu mirongo itatu muri uwo muji ejo kuwa Gatandatu.

Abatuye uwo muji bamaze igihe basaba ko umugwi w'abarwanyi Libya Shield usamburwa, uwo mugwi ukaba ushigikiwe n'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi.

Igihe abanyagihugu ejo bafata urugendo berekeza ibigo bibamwo abarwanyi w'uwo mugwi, hadutse itana mu mitwe ryaherahejwe n'uko abasirikare ba leta batabaye.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko leta itarafata ingingo yo gusambura uwo mugwi canke iyindi nka wo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.