Umuhora wa internet 4G mu Rwanda

Ibiherutse kuvugururwa: 11 ukwa gatandatu, 2013 - 16:00 GMT
U Rwanda rushaka kuzana umuhora wa 4G

U Rwanda rushaka kuzana umuhora wa 4G

Leta y'u Rwanda ifatanije n'ishirahamwe ryo muri Korea, igiye kuzana mu Rwanda umuhora wa internet unyaruka cane wa 4G.

Uwo muhora ukoreshwa na telefone ngendanwa, ukaba unyaruka cane ugereranije n'iyawubanjirije ya 3G, 2G na GSM, kandi ushobora gukoreshwa na computer zisanzwe.

Uwo mugambi u Rwanda ruzowufashwamwo n'ishirahamwe ry'itumanako ryo muri Korea, Korea Telecom, rizoterera amahera ashika ku miriyoni 140 z'ama dollar.

Umushikiranganji w'u Rwanda ajejwe urwaruka n'ikoranabuhanga, Jean Philbert Nsengimana, yabariye BBC ko bifuza ko mu myaka itatu 95% vy'Abanyarwanda boba bashobora kuronka internet inyaruka.

Ngo ivyo bizokworosha umugambi wo kwungura igihugu ubutunzi hakoreshejwe uburyo bwo gutanda service hamwe n'itumanako.

Ariko benshi mu banyarwanda ntibafise telefone ngendanwa, abazifise nabo ugasanga nyinshi ntizija kuri internet.

Kuri ico kibazo umushikiranganji Nsengimana yavuze ko leta ifise umugambo wo kworosha uburyo telefone zigezweho (smart phones) ziboneka mu Rwanda.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.