Nelson Mandela:imiti iriko iramugirira akamaro

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa gatandatu, 2013 - 13:16 GMT
Nelson Mandela

Bugize kane Mandela w'imyaka 94 aja mu bitaro uno mwaka

Nelson Mandela yahoze atwara Africa y'Epfo imiti iriko irarushiriza kumugirira akamaro aho arwariye mu bitaro, nk'uko bivugwa na prezida Jacob Zuma.

Zuma yabwiye inama nshingamateka ko anezerejewe n'ingene amagara ya Mandela ariko aratera imbere inyuma y'iminsi mike itari yoroshe.

Uwo mutama afise imyaka 94 ubaye umunsi wa gatanu ari mu bitaro i Pretoria kubera indwara y'amahaha yasubiye kumufata.

Umugore wiwe Graca Machel n'abndi bo mu muryango bagiye kumuraba kuri uyu wa gatatu.

Zuma yibukije ko uno munsi hakwiye imyaka 49 aciriwe gupfungwa ubuzima bwose n'intaro ya apartheid.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.