Turkia: ministre wa mbere yagabishije ubwa nyuma

Ibiherutse kuvugururwa: 12 ukwa gatandatu, 2013 - 18:55 GMT

abadashaka ko parc ya Gezi yubakwamwo bamaze indwi irenga bagandagaje ngaho

Ministre wa mbere wa Turkia Rece[ Tayipp yagabishije ubwa nyuma abari mu myiyerekano ababwira ko bategerezwa kuva muri parc ya Gezi hagati mu gisagara ca Istanbul.

Yagize ati: ''Ukwihangana kwacu kwaheze. Ngabishije irya nyuma''.

Abari mu myiyerekano bavuga ko batazohava gushika leta ihevye umugambe wo kwubaka muri iyo parc. Umugambwe wa Erdogan wahanuye ko hoba amatora kamarampaka kuri ico kibazo.

Icova muri ayo matora nticotegerezwa kwubahirizwa ariko Erdogan asa n'uwavuze ko yocubahiriza.

Erdogan yagize ati: ''Mwbiye abavyeyi nti kura abana banyu harya hantu. Ntidusobora kurinfira uwundi mwanya kuko parc ya gezi si iya barya bahigaruriye, n'iy'abanyagihugu''.

Iryo jambo ryiwe mw'ikoraniro ry'umugambwe wiwe AK ku murwa mukuru Ankara ryakomewe amashi cane.

Kuri uyu wa gatatu umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yari yahuye n'abateguye imyiyerekano cumi n'umwe, ngo baganire ku mugambi wo kuvugurura park y'i Istambul.

Uwo mugambi niwo wabaye akaba ari wo nyanduruko y'imyiyerekano yo kwiyamiriza leta.

Abari mu myiyerekano, biyamirije uwo mubonano bavuga ko abo bategura imyiyerekano, barimwo abigisha ba kaminuza hamwe n'abahinga mu tugenegene, batabaserukiye.

Bwana Erdogan kandi yagiranye uwundi mubonano i Ankara n'igisata kijejwe urudandaza.

Ngo yoba yavugiye muri iyo nama ko yabwiye umushikiranganji w'intwaro yo hagati, gukemura ikibazo ca park ya Gezi mu masaha mirongo ibiri n'ane.

Ministre wa mbere yavuze ko hatozusubira kuba kwihanganira abantu avuga ko bashaka kugirira nabi Turkia.

Abo bagira imyiyerekano bagiriza ministre wa mbere Recep Tayyip Erdogan kugenda ahinduka aba umutegetsi atwaza umukazo(igitugu) n'ugushaka gukoresha amategeko n'imico y'idini rya Islam mu gihugu kitagendera ku madini.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.