ONU: abantu 93000 barishwe muri Syria

Ibiherutse kuvugururwa: 13 ukwa gatandatu, 2013 - 13:10 GMT

abantu nibura ibihumbi 93 bamaze kwicwa muri Syria kuva intambara itanguye

Abantu nibura ibihumbi 93 baramaze kwicwa muri Syria kuva intambara itanguye muri ico gihugu, hakurikijwe ibiharuro bishasha vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ibi vyongeye abantu barenga 30 kuva aho ONU yaherukira gusohora ibiharuro vyari vyerekeye ikiringo co0 gushika mu kwezi kwa 11 mu 2012.

Abantu nibura ibihumbi 5 bagiye baricwa nuri kwezi muri Syria kuva mu kwezi kw'indwi,nk'uko bivugwa n'urwego rwa ONU rujejwe ivy'agateka ka zina muntu. Ariko ruvuga ko ivyo biharuro biri hasi kuko ryibaza ko hari benshi bapfuye atawigeze amenya.

Abarenga 80% muri abo bapfuye bari abagabo,ariko ibiro vy'uwujejwe agateka ka zina muntu muri ONU bivuga ko vyanasanze hari abana 1700 bari munsi y'imyaka 10 bishwe.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.