Nelson Mandela abandanije kworoherwa

Ibiherutse kuvugururwa: 16 ukwa gatandatu, 2013 - 14:15 GMT
Nelson Mandela

Nelson Mandela

Umukuru w'igihugu wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma, avuga ko uwahoze ari umukuru w'ico gihugu, Nelson Mandela, abandanya yoroherwa.

Ariko yongeyeko yuko uburwayi bwiwe bugikomeye.

Ngo ariko bwana Mandela, ubu arabasha kuvugana n'umuryango wiwe.

Bwana Zuma ivyo yabivuze aho yashikiriza ijambo ku munsi w'urwaruka mu ntara ya Kwazulu-Natal, mu kwibuka imigumuko yo mu 1976 i Soweto yo kwiyamiriza intwaro ivangura ya apartheid.

Yasavye abari aho kwifatanya nawe mu kwifuriza bwana Mandela umunsi mwiza w'abavyeyi b'abagabo.

BBC © 2014 BBC ntabwo yishingiye ibibera hanze y'imbuga zayo.

Uru rupapuro ruboneka neza ukoresheje amashakiro mashyashya ya CSS. Mugihe amashakiro yawe adakorana na CSS ntushobora kubona ibiri kuri uru rupapuro byose cyangwa neza. Niba bishoboka shakisha amashakiro mashyashya ya software cyangwa CSS niba washobora kubikora.