Afganistan ntishimishwa n'inyifato y'aba Taliban mu biganiro

Image caption Leta ya Afganistan ntiyashimye amajambo y'aba Taliban igihe ibiro vyashingwa

Abategetsi ba Afganistan bavuze ko gukuraho ibendera n'icapa c'izina ku biro vy'aba Taliban i Qatar bidahagije.

Abaserukira leta ya Afganistan mu biganiro bavuga ko ivyo biro bifise intumberio y'ibiganiro gusa kandi ko batanezerewe n'amajambo ashikirizwa n'aba Taliban.

'Umengo n'igihugu c'aba Taliban tudashaka,'' nk'uko Muhammad Ismael Qasemyar, umwe mu bagize inama nkuru ya Afganistan yabwiye BBC.

Ivyo bivuzwe inyuma y'aho ministre wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika John Kerry ahamagariye kuri telefone umukuru wa Afganistan Hamid Karzai kugira atururuze ico cuka kibi.

Yabwiye umukuru w'igihugu ko ibiro vy'aba Taliban i Qatar bizomanura ibendera hanyuma ko icapa kivuga ko iyo nyubakwa ari Emirat ya Afganistan cari gusubirizwa n'ikindi kivuga ngo 'ibiro vy'ibiganiro vy'amahoro'.

Ku wa gatatu prezida Karzai yavuze ko abaserukira Afganistan mu biganiro bazoreka kuvyitaba gushika ''ibihugu vyo hanze'' vyemeye ko ivyo biganiro bitunganywa n'abanye Afganistan ubwabo.

Yaciye anahagarika ibiganiro ku bibazo vy'umutekano na leta Zunze Ubumwe za Amerika ku bijanye n'abanyamerika boguma muri Afganistan ingabo za OTAN zimaze kuva muri ico gihugu mu 2014.