Singapore yugarijwe n'imyotsi iva muri Indonesia

Singapore
Image caption Urugero rw'uguhumana kw'ikirere rwashitse aho rutari bwigere rushika

Ministre wa mbere wa Singapore yagabishije vuga ko igipfungu c'umwotsi cugarije igisagara gishobora kumara iminsi myinshi, mu gihe imyuka yononana ikirere yashitse ku rugero rutari bwagerweko.

Urugero rw'imyuka yonona ikirere rwashitse ku 371 kuri uyu wa kane rukaba rwarenze aho rwari rumaze gushika kugeza ubu kandi hejuru cane y'aho ubuzima bushobora kubangamirwa imbere y'uko rwongera rukamanuka rugashika ku 300.

Ico gifpungu c'umwotsi catumwe n'imiriro yadutse mu mashamba y'izinga rya Sumatra ry'igihugu ca Indonesia.

Ico kibazo catumye ivyo bihugu bibiri bibanyi bitangura kwagiranya ku woba ariwe yatumye haba ico gipfunu c'umwotsi.

Abahinga mu bidukikije muri ivyo bihugu bibiri bari mu nama yihuta i Jakarta kuri uyu wa kane.

Dr Vivian Balakrishnan, ministre wa Singapore ajejwe ibidukikije n'amazi yanditse ku rubuga rwa Facebook rwiwe avuga ko aja gusaba Jakarta gukora ibintu biboneka.

''Nta gihugu na kimwe canke kompanyi ifise uburenganzira bwo guhumanya ikirere bikabangamira amagara n'ukubaho neza kw'abanye Singapore''.

Ariko ministre wa Indonesia ajejwe ukubaho neza kw'abantu Agung Laksono yaciye avuga ngo Singapore ni ireka ''kwifata nk'umwana''.

Ati: ''Ivyo si ivyo igihugu ca Indonesia gishaska, n'ivyizanye''.