Australia: Julia Gillard akuwe ku burongozi bw'umugambwe wiwe

Image caption Kevin Ruud arakundwa n'abatora kurusha Julia Gillard

Kevin Rudd yakuye ministre wa mbere Julia Gillard ku burongozi bw'umugamwe wa Labor(Travailliste) muri Australia.

Yaronse amajwi 57 mu matora y'umurongozi w'umugambwe y'abashingamateka n'abakenguzamateka ba Labor bari bahamagajwe na Gillard -we akaba yaronse amajwi 45.

Ivyo bibaye mu gihe himirije amatora ategekanijwe ku wa 14 ukwezi kw'icenda, ibiharuro vy'ibigereranyo vy'amajwi vyerekana ko labor izotsindwa.

Ruud ashobora gutuma umugambwe wa Labor witwara neza mu matora kurusha. Ayo matora y'indongozi yo kuri uyu wa gatatu yari ayagatatu abaye kuva madame Gillard ashitse ku butegetsi mu 2010.

Nawe yari yakuye Ruud yari asanzwe ari umushikiranganji wa mbere ico gihe.

Gillard yari yamenyesheje imbere y'ayo matora ko azoca asezera politike hamwe yoyatsindwa.