Amerika:kwubakana hagati y'abasangiye igistina vyemewe na sentare

Image caption Uharanira agateka k'aba Gays azungagiza ibendera imbere ya sentare ntahinyuzwa

Mu ngingo y'akaraboneka, sentare ntahinyuzwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yasheshe itegeko ritemera kwubakana hagati y'abasangiye igitsina.

Sentare yavuze ko iryo tegeko ryabujjije abakora imibonano mpuzabitsina n'abo babisangiye ugukingirwa kungabana n'ukw'abandi-umunyamakuru wa BBC akavuga ko iyo ngingo itumye ukwubakana hagati ya bene abo bantu kiba ikibazo c'uburenganzira bw'umuntu nk'umwenegihugu.

Iyo ngingo yemejwe n'abacamanza 5 kuri 4 bayanse isigura ko abasangiye igitsina(abagabo canke abagore) bubakanye mu mategeko kuva ubu bafise uburenganzira bwo kuronka ivyo igihugu giha abubakanye badasangiye ibitsina.

Sentare yafashe ingingo kandi yo kutagira ico ivuze kw'itegeko ribuza kwubakana musangiye igitsina mu ntara ya California.

Ivyo bikaba bisigura ko ingingo y'umucamanza w'igihugu yarisheshe iguma ifise agaciro.

Ibiharuro vyo kugereranyua vyerekana ko abanyamerika benshi bashigikiye abubakana basangiye igitsina.

Kuri uyu wa gatatu mu gitondo imbere y'uko ingingo isomwa, abantu isinzi bari basagaje kuri sentare ntahinyuzwa bifuza kronka ikibanza imbere muri sentare.

Umugore w'umusirikare n'umugore wiwe yasiguye ingene iryo tegeko ryatumye ubuzima bwabo bugorana.

Yaciwe ikori ry'ama dollars 363.000 igihe yashikirira inzu yasiga uwo bari bubakanye Thea Speyer-amafaranga atari gutanga iyo yari kuba yari yubakanye n'umugabo.