Ubufaransa busaba Amerika guheba kuneka Uburaya

Francois Hollande
Image caption Francois Hollande

Umukuru w'igihugu w'Ubufaransa, Francois Hollande, yavuze ko leta zunze ubumwe za Amerika zigomba guhagarika kuneka umuryango wa Buraya.

Bwana Hollande yavuze ko ibihugu vy'i Buraya bidashobora kwemera inyifato nk'iyo kubo bafatanije muri vyinshi.

Ivy'uko abajejwe iperereza muri Amerika bagumye barereka abafashanya na Amerika vyashizwe ahabona n'ibitangazamakuru vy'i Buraya.

Ubudage bwavuze ko inyifato nk'iyo yibutsa ibihe vy'ingwano iteruye yabaye hagati y'aba capitalistes n'aba communistes.

Kare umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, yavuze ko ari ibintu bisanzwe y'uko igihugu gikusanya amakuru mw'ibanga ku nyungu z'umutekano waco.