Misiri: Umukuru w'igihugu mfatakibanza yarahiye

Adly Mansour, umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Misiri
Image caption Adly Mansour, umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Misiri

Umucamanza mukuru wa sentare y'ibwirizwashingiro ya Misiri, Adly Mansour, yarahiriye amabanga yo kuba umukuru w'igihugu mfatakibanza.

Bwana Mansour yemereye abanye Misiri demokrasi ibereye, itarimwo amanyanga.

Yavuze ko umugambwe Muslim Brotherhood, prezida Morsi yatembagajwe arimwo, nawo watumiwe ngo uzofashe kwubaka igihugu.

Hagati aho ibiro vy'umushinjacaha vyategetse ko umukuru w'uwo mugambwe hamwe n'icegera ciwe bafatwa.

Bwana Mansour asubiriye Mohammed Morsi, yakuweko n'igisirikare mw'ijoro ry'ejo kuwa Gatatu mu vyo abamushigikiye bavuga ko ari itembagazwa ry'ubutegetsi ku nguvu.

Hakurikijwe umugambi w'igisirikare, bwana Mansour azoguma ku butegetsi gushika ayandi matora abaye.

Amakungu avuga iki?

Abakuru b'ibihugu vyo mu yandi makungu bakiranye ubwitonzi ivyabaye mu Misiri.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Ubudage yavuze ko ari intambwe itewe inyuma muri demokrasi, mu gihe mugenzi wiwe wo mu Bwongereza, William Hague, yavuze ko Ubwongereza budashigikiye igikorwa c'igisirikare ca Misiri, ngo ariko bagomba kuvyubahiriza, ubuzima bukabandanya.

Ariko bwana Hague yanse kwiyamiriza igisirikare kuba catembagaje ubutegetsi bwa bwana Morsi ku nguvu.

Kare umukuru w'igihugu Obama yahamagariye igisirikare ca Misiri kwubahiriza uburenganzi bw'abanye Misiri.

Umwe mu bategetsi bo mu Barabu yashimye itembagazwa rya Morsi, ni umukuru w'igihugu wa Syria, Bashar al-Assad, yavuve ko ari iherezo rya politike ya ki Islam.