Giggs na Neville abamenyereza ba Man U

Ryan Giggs na Ville Neville
Image caption Ryan Giggs na Ville Neville

Umugwi w'umupira w'amaguru wo mu Bwongere, Manchester United, wagenye Ryan Giggs umukinyi amenyereza, Phil Neville nawe umumenyereza mu mugwi w'abakuze.

Giggs azokwiza imyaka 40 mu kwezi kw'icumi na rimwe, hamwe n'uwahoze akinira United, Niville w'imyaka 36, biyongeye ku bamenyereza David Moyes azokorana nabo i Old Trafford.

Yagize ati: "Ndanezerewe cane kuba Ryan yemeye kuba umukinyi amenyereza".

Giggs we yagize ati: "Si ibanga, narakurikiranye ivyigwa vyo kuba umumenyereza. Ibi mbibona nk'intambwe ya mbere mu kazi kanje muri kazoza."

Vyitezwe ko uwo mugwi ugena Phil Neville nk'umumenyereza mu mugwi w'abakuze nyuma yaho Rene Meulensteen aviriye muri Man U.