Abana ba Mandela bapfubwe aho vyagenewe

Mandla Mandela, yimuye ibisigarira vy'abana ba Mandela
Image caption Mandla Mandela, yimuye ibisigarira vy'abana ba Mandela

Ibisigarira vya batatu mu bana ba Nelson Mandela vyasubiye gupfubwa aho vyari vyaragenewe mu karere ka Qunu.

Aho i Qunu niho uwahoze atwara Afrika y'epfo yakuriye, iki kibazo kikaba kibandanije guteza indyane mu muryango wiwe.

Kare, ibipimo vy'abahinga vyemeje ko ivyo bisigarira vyataburuwe n'abapolisi ari ivy'abo bana, bakaba babikuye aho umwuzukuru wa Mandela, bwana Mandla, yari yabishinguye.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, Mandla Mandela yagirije bamwe muri benewabo kuba bashize ku gahinga ingorane z'umuryango, bakaba ngo bariko barapfa imitungo izosigwa na sekuru.

Umukuru w'igihugu Jacob Zuma yasuye Mandela mu bitaro, akaba avuga ko akiremvye ariko ari aho.