Misiri:Amadidane mw'igenwa rya ElBaradei

Image caption Mohammed ElBaradei

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu yatangaje ko ibiganiro bikibandanya kw'igenwa rya ElBaradei nk'umushikirabnganji wa mbere.

Abategetsi bari batangaje ejo ko bwana ElBaradei yagenywe kuba umushikiranganji wa mbere.

Igenwa rya Mohammed ElBaradei kuba umushikiranganji wa mbere w'infatakibanza ryari ryaneguwe n'umugambwe Nour w'aba salafists bari bavuze kobatazokorana nawe.

Bwa ElBaradei, yahoze atwara ikigo mpuzamakungu kijejwe kugenzura ikoreshwa ry'inguvu za nucleair.

Igenwa ryiwe ryavuzwe inyuma y'iminsi itatu gusa Mohammed Morsi akuwe ku butegetsi.

Ivyo vyateye agashavu mu bashigikiye Morsi bifuza ko agarurwa ku butegetsi.