Misiri:Imishamirano inyuma y'abazize Morsi

Image caption Imishamirano mu Misiri

Gutana mu mitwe kwatanguye igihe abantu batatu mu bari mu myiyerekano y'abashigikiye Mohammed Morsi barashwe n'abajejwe umutekano mu kandi gace k'umurwa mukuru.

Ingabo zagaruye umutekano muri Cairo, ariko abantu 26 baguye mu mishamirano yadutse mu gihugu cose, abandi 318 barakomereka.

Igisirikare cakuye bwana Morsi ku butegetsi ku munsi wa gatatu, inyuma y'aho miliyoni z'abantu bagiriye mu mabarabara biyamiriza ubutegetsi.

Bwana Morsi ari naye yari abaye umutegetsi wa mbere atwaye biciye mu matora mu Misiri, ubu arapfunzwe, kimwe n'abandi bategetsi bakuru bo mu mugambwe wiwe Muslim Brotherhood.

Uyu munsi kare, ibinyamakuru vya leta vyatangaje ko icegera c'umukuru w'umugambwe Muslim Brotherhood Khairat el-Shater yatawe muri yompi afatiwe ku rugo iwe iCairo, yagirizwa gukokeza indyane.

Umurwi Tamarod watanguje imyiyerekano yo kwiyamiriza Morsi, wamwagirije ko akwirikira ivyifuzo vya islam mu butegetsi bwiwe, akananirwa utorera umuti ibibazo vy'ubutunzi.