Venezuela na Nicaragua zemeye kwakira Snowden

Image caption Edward Snowden

Perezida wa Venezuela Nicolas Maduro yavuze ko igihugu ciwe gishobora guha ubuhungiro Edward Snowden bikekwa ko yoba yihishe ku kibuga c'indege mu muji wa Moscow.

Hagat'aho perezida wa Nicararwa Daniel Ortega yemeje kw'igihugu ciwe naco cogura nk'uko hamwe bishobotse.

Wikileaks iremeza ko bwana Snowden yasavye ubuhungiro mu bindi bihugu bitandatu ku munsi wa gatanu.

Urwo rubuga ruremeza ko rudashobora gutangaza amazina y'ivyo bihugu biturutse kuri leta zunze ubumwe za Amerika.

Bwana Snowden amaze gusaba ubuhungiro mu bindi bihugu 21, ivyinshi muri vyo bikaba bimaze kumwankira.

Ariko n'aho igihugu icarico cose cokwemera guha ubuhungiro uwo munyamerika, kugira ahashike vyomugora.