UK:Andy Murray yatwaye igikombe ca Wembledon

Image caption Andy Murray yatwaye igikombe ca Wembledon

Andy Murray, umunya Scotland w'inyaka 26, yatahukanye igikombe mu gutsinda set zitatu ku busa Novak Djokovic ari kw'isonga ku rutonde rw'abagabo mu bakinyi ba mbere ba Tennis kw'isi.

Iyi ibaye intsinzi yiwe igira kabiri mu mahiganwa akomeye bita Grand Slam inyuma ya US Open yo mu 2012.

Umukinyi w'Umwongereza yaheruka gutwara iki gikombe ca Wembledon ni Fred Perry, mu 1936.

Bubaye ubwa 36 umukinyi w'Umwongereza atwara iki gikombe ca Wembledon.

Novak Djokovic yatahukanye ico gikombe mu mwaka 2011, yakeje Andy Murray, aho yemeye ko urukino rutari rworoshe.

Andy Murray yabwiye BBC inyuma y'urwo rukino ko nawe atibuka neza uko vyamugendeye,ati rwari urukino rutoroshe, aho matchs zamara igihe kire kire.

Yashimiye abo bakoranye mu gihe c'imyaka 10-15 amaze muri uyu mukino wa tennis