Ibiganiro ku rudandazwa hagati ya Bulaya na Amerika

Image caption Ibiganiro ku rudandazwa hagati ya Bulaya na Amerika

Hamwe ibiganiro vyatanguye hagati ya Bulaya na Amerika vyoramuka bishitse ku mwumvikano, niwo woba ubaye uwa mbere ukomeye muri kahise k'urudandazwa.

Leta zunze Ubumwe za Amerika n'ishirahamwe rya Bulaya bigize hafi ica kabiri c'ibikorwa vy'urudandazwa kw'isi muri rusangi.

Vyizera ko kugabanya amakori n'izindi nzitizi ku guhanahana ibidandazwa bishobora gutuma ubutunzi bwavyo bwisununura.

Ariko ivyo biganiro bitanguye mu gihe icuka atari ciza hagati y'izo mpande zompi, biturutse ko ishirahamwe rya Bulaya ryikeka ko ibiro vy'abaserukira ibihugu vyaryo vyasumwe urusaku na Leta zunze Ubumwe za Amerika.

Umunyamakuru wa BBC ajejwe ivy'ubutunzi avuga ko ibi biganiro hagati y'izi mpande zibiri vyerekana ko habuze umwumvikano ku biganiro ku rudandazwa kw'isi yose muri rusange.