ONU isaba vatikano amakuru ku guhohotera abana

Papa Francis
Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ryasavye Vatikano gutanga amakuru y'abana ibihumbi bahohotewe n'abihebeye Imana ba Gatolika.
Ivyo vyasabwe biraba ikiringo co kuva mu 1995 gushika ubu, bikaba bisabwe hasigaye amezi atandatu ngo abaserukiye Vatikano barenguke imbere y'umugwi wa ONU.
Bazoba baje kwishura ku bibazo bijanye no guhohotera abana, vyakojeje isoni ishengero Gatolika mu myaka cumi iheze.
ONU kandi yasavye n'amakuru ajanye n'ubufasha bwahawe abana bahohotewe, hamwe n'ivyo vyose bagerageje kunyegeza.
Mu ntango z'uno mwaka, Papa Francis yavuze ko guhangana n'ikibazo co guhohotera mu gushurashuza ari ikintu gihambaye ishengero Gatolika rigomba gukora.