Karadzic yasubijweko icaha ca jenoside

Radovan Karadzic
Image caption Radovan Karadzic

Abacamanza b'urwego rwunguruza ba sentare y'ivyaha vyo mu ntambara basubijeko ikirego ca jenoside kuri Radovan Karadzic, yahoze arongoye aba Serbe.

Urwo rubanza rubera i La Haye mu Buholandi, rumaze igihe kirekire.

Iyi ngingo y'abacamanza isigura ko ingingo yari yafashwe mbere yo kumukurako icaha co kuba yarateguye ubwicanyi no kwica urubozo abatari aba Serbe mu ntambara ya muri Bosni, yagizwe ubusa.

Sentare yanse ukwisigura kwa Karadzic aho avuga ko ata gushaka kwo gukora jenoside yari afise.

Asanzwe yagirizwa ivyaha vyo kuba yaratanguje ubwicanyi bw'i Srebrenica, bwakwije uno munsi imyaka cumi n'umunani bubaye.