Umunsi w'igwirirana ry'abantu kw'isi: U Burundi n'u Rwanda ni gute?

Abantu babandanya kugwirirana kw'isi
Image caption Abantu babandanya kugwirirana kw'isi

U Rwanda n'u Burundi biri mu bihugu bifise abantu benshi kurusha ibindi muri Afrika ugereranije n'ukuntu bingana, bikaba bibangamiwe kandi n'igwirirana ryabo.

Kuri uno munsi isi yizihiza umunsi wahariwe igwirirana ry'abantu, ivyo bihugu vyombi biraba aho bigejeje imigambi yo kugabanya iryo gwirirana, rishobora kubangamira iterambere bikeneye cane.

Mu Burundi

Mu Burundi umugambi wo kuvyara ku rugero urabangamiwe cane kubera abakobwa benshi bari munsi y'imyaka 18 batwara imbanyi hataragera.

Muri bo harimwo abanyeshuri bo mu mashuri y'intango n'ayisumbuye.

Abahinga bakavuga ko ubukene hamwe n'ikibazo c'indero yatitutse, biri mu bituma ibitigiri vyongerekana ku munsi ku munsi, kandi bigatuma abantu bagwirirana muri ico gihugu.

Mu Rwanda

U Rwanda ni kimwe mu bihugu bifise ubucucikirane buri hejuru cane kurusha ibindi bihugu muri Afrika.

Ariko co kimwe n’ahandi henshi kuri uwo mugabane, kuvyara ku rugero ntibikunze kwakirwa neza na benshi kubera ikibazo c’imigenzo n’imico.

Mu myaka myinshi yashize, kuvyara abana benshi vyafatwa nk’ikimenyetso c’ubutunzi hamwe n'imbaraga mu Rwanda.

Ariko leta c'ico gihugu yo ibona ukwiyongera gukabije kw’abaturage ari ikibazo gikomeye.

Mu gihe mu bisanzwe abagore ari bo bakunze kwitabira imigambi yo kugabanya imvyaro, leta yatanguye guhimiriza n’abagabo kwitabira ubu buryo, bifungisha burundu ku gushaka.