Umwe mu barwanya leta ya Syria yishwe na bakeba

Image caption Abarwanyi ba Free Syrian Army

Inkuru zituruka muri Free Syrian Army zivuga ko iyicwa rya Kamal Hamami, yari mu nama nkuru ya gisirikare, ari ikimenyetso co gusotora intambara.

Free Syrian Army ivuga ko bwana Hamami yishwe n'umurwi mukeba ufitanye ubucuti na Al Qaeda, wiyita Islamic State of Iraq na Levant.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko ubwo bwicanyi bugaragaza imirindi y'intambara hagati mu yindi ntambara.