Malala Yousefzai yashikirije ijambo muri ONU

Image caption Malala muri ONu 12/07/2013

Malala Yousefzai, yashikirije abari bakoraniye mu nama ya ONU yatumweko kuber'uyu munsi yakwije imyaka 16 y'amavuko, ijambo rikomeye ku burenganzira bw'abana.

Malala yashimangiye mu majambo akomeye ko, uburenganzira bw'abana bwo kuja mu mashure bukwiye kubahirizwa.

Yavuze ko abatesha abana uburenganzira bwo kwiga baba bakurikira inyungu zabo bwite.

Yahamagariye isi yose guhaguruka ikarwanya ubujuju no kutiga, aho yavuze ko umwana umwe, umwigisha umwe, igitabo kimwe n'ikaramu imwe gusa vyafashije guhindura isi.

Malala yarashwe mu mutwe no mw'izosi mu mwaka uheze, azira ko yahimiriza abanya Pakistani kureka abigeme bakaja mu mashure.

Yavuze ko yababariye abamurashe.