U Bufaransa: Baracarondera abarokotse mu mpanuka ya gari ya moshi

Image caption Isanganya rya gari ya Moshi

Mu Bufaransa abajejwe gutabara baracariko bararondera mu bisigarira vya gari ya mushi yataye inzira ku gituro co mu bumanuko bwa Paris.

Gushika ubu bimaze kumenyekana ko abantu batandatu aribo basize ubuzima muri iyo mpanuka.

Umunyamakuru wa BBC ariyo avuga ko ubwoba bw'uko hoba hari iyindi mivyimba yaheze mu bisigarira vy'iyo gari ya moshi, butanguye kwiyongera.

Umudereva w'iyo gari ya moshi yashimwe kuba yaravugije inzamba mu kuburira izindi gari ya mishi ngo ntizinjire mu gituro ca Bretigny-sur-Orge.

Umukuru w'igihugu w'u Bufaransa yamenyesheje ko hazoba itohoza rihereye ku mizi ku cateje iyo mpanuka.