Abanyecongo ibihumbi bahungiye muri Uganda

Image caption Impunzi zo muri Congo muri KIvu 22/11/2012

Habaye gutana mu mitwe mu gisagara ca Kamango kiri ku rubibe hagati ya Congo na Uganda, hagati y' ingabo za leta n'abarwanyi ba ADF.

Umuhari ADF uvuga ko urwanira gutembagaza leta ya Uganda, ukaba washinze ibirindiro muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ishami ry'ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR ritangaza ko abanyecongo bagera ku bihumbi 18 bamaze kujabuka muri Uganda kuva ejo kuwa kane izo ntambara zitanguye.