Misiri: Amerika isaba kw'ipfungwa ry'aba MB rihagarara

Image caption Abari mu mwiyerekano 12/07/2013

Umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Leta zunze Ubumwe za Amerika yabwiye abategetsi ba Misiri bariko bigirira nabi, niba basanzwe batifuza ikumira.

Jay Carney yavuze ko kugira intumbero yo gukorera hamwe ishoboke, n'uko imigambwe yose yohimirizwa kandi yokwemererwa kugira uruhara.

Ngo niyo mpamvu Amerika yamaze gutomora neza ko ata fatwa n'ipfungwa ry'abantu ata mpamvu, izoshigikira.

N'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon yagabishije ko ata mugambwe n'umwe ukwiye gukumirwa.

Kur'uno munsi w'amasengesho hitezwe imyiyerekano y'impande zihanganye, aho mur'ino ndwi hakomeje imishamirano, abashigikiye Morsi bugariza hafi y'ikigo ca gisirikare bibaza ko yoba apfungiyemwo kuva akuwe ku butegetsi.

Kur'uyu wa kane ubutegetsi bwa Obama n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyagaragaje umwitwarariko uturutse ku mitahe yasohorewe umukuru w'umugambwe MB n'abandi bategetsi bakuru bawo icenda.

Bwana Ban yavuze ashimitse ko ata kibanza itotezwa n'ikumira ry'umugambwe n'umwe muri mikuru bikwiye kuba mu Misiri, mu kiganiro yagiranye kuri telefone n'umushikiranganji w'imigenderanire Kamel Amr.

Hagat'aho imishamirano ikomeza kwiyongera mu gihe umugambwe MB wahamagariye abantu kwitaba imyiyerekano mu muji wa cairo, kur'uyu wa gatanu wa mbere w'ukwezi kwa Ramadani