Heathrow: Umuriro mu ndege ya Ethiopian

Indege ya Ethiopian yatsemwo umuriro kuri Heathrow
Image caption Indege ya Ethiopian yatsemwo umuriro kuri Heathrow

Itohoza ryatanguye mu gihe bagerageza kumenya icateje umuriro mu ndege Boeing 787 itarimwo umuntu ku kibuga ca Heathrow mu Bwongereza ejo kuwa Gatanu.

Indege ziva n'izigwa ku kibuga ca Heahrow, kiri mu bigendwa cane kw'isi, zarahagaritswe ikiringo kingana isaha.

Guhungabana kw'ingendo vyarabandanije mw'ijoro ryose, kandi bishobora no kubandanya uno munsi wose.

Iyo ndege ni iyo mu bwoko bwa Boing 787 bataziriye Dreamliner kubera ubuhinga ikoranye, ikaba yari iy'i kompanyi Ethiopian Airlines ikorera no mu Rwanda no mu Burundi.

Imigabane y'ihinguriro ry'indege Boing, yaragabanutse gatoyi nyuma y'uwo muriro.

Indege za Dreamliners niho zari zigisubira gufata ikirere, nyuma y'udukosa zagiye zirasanganwa, tujanye n'ubushuhe bwa cane mu ma batiri yazo.