Uganda ishaka gushira mu nkambi impunzi z'abanye Kongo

Uganda ishaka gushira impunzi mu nkambi
Image caption Uganda ishaka gushira impunzi mu nkambi

Abajejwe intwaro muri Uganda bavuga ko bashaka kwimurira ibihumbi vy'impunzi z'abanye Kongo mu nkambi y'impunzi.

Izo mpunzi zahungiye muri Uganda kubera imirwano hagati y'abasirikare ba Kongo n'abarwanyi ba ADF Naku mu karere ka Kamango kuwa Kane.

Umunyamakuru wa BBC muri Uganda avuga ko impunzi zitewe ishavu n'uko imfashanyo itaratangura gutangwa naho hari ibifungurwa bimaze gushika.

Yabandanije avuga ko igisirikare ca Uganda kiriko kirabuza impunzi gusubira iwazo ngo zitore ivyo kurya zasize inyuma.