Misiri:Agahenge nyuma y'ubwicanyi

Imyigaragambyo mu Misiri

Abashyigikiye Mohammed Morsi wakuwe ku butegetsi bakomeje kugira imyigaragambyo yo kwicara bakikije umusigiti w'i Cairo ku murwa mukuru wa Misiri.

Umunyamakuru wa BBC uri ku musigiti wa Rabaa al-Adaweya aravuga ko ubu hatuje nyuma y'imvururu zabaye kuwa gatandatu.

Abigaragambya bongereye ingufu nyuma yaho umushikiranganji w'ubutegetsi bw'igihugu abasabaye guhagarika imyigaragambyo.

Imirwano yongeye kuba mu tundi duce twa Cairo, ibiro bitara amakuru bya leta byavuze ko hari amasasu yarashwe igihe habaga imihango yo guhamba umwe mu bashyigikiye Morsi i Port Said.

Umushikiranganji w'imibano n'amahanga w'Amerika John Kerry yamaganye ubwo bwicanyi.