M23 itegekwa na ONU gushira hasi ibirwanisho

Image caption Ingabo za ONU ziri muri Congo

Intambara zaheruka kwaduka hagati y'abarwanyi ba M23 n'ingabo za leta ya Congo mu ntango z'uku kwezi.

Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga ko abarwanyi ba M23 bakoresheje ibirwanisho bikomeye bakica n'abanyagihugu basanzwe mu micungararo y'umuji wa Goma.

Inteko z'ishirahamwe ONU zigizwe n'abasirikare 3000, zahawe uburenganzira bwo gukoresha inguvu ku mirwi irwanya leta ya Congo, irimwo M23.