Pakistan: Igitero c'aba Taliban kw'ibohero

Image caption Abapolisi n'abasirikare bahagaze hanze y'ibohero ryatewe

Aba Taliban baharurwa mu mirongo bitwaje ibirwanisho bikomakomeye bashenye inzira y'umuyagankuba irahurira ibohero imbere yo kubomora impome.

Abategetsi bavuga ko abagera ku 3o mu banyororo batorotse mur'ico gitero ari abarwanyi bakomeye.

Bamwe muri bene gutera mur'iryo bohero rya Dera Ismail Khan bari bambaye umwambaro w'igipolisi, bakoresheje indangururamajwi mu guhamagara abanyororo ngo bave mw'ibohero.

Abapolisi batandatu, kimwe n'abandi banyororo biravurwa ko basize ubuzima mur'ico gitero.

Aba Taliban barigeze kurekura abanyororo baharurwa mu majana ane mu gitero nk'ico mu mwaka uheze.