Espagne: Mariano Rajoy yihakanye ruswa

Image caption Mariano Rajoy, umushikiranganji wa mbere wa Espagne

Bwana Rajoy yariko yishura ku bibazo yabajijwe n'uwahoze ari umunyabigega w'umugambwe Popular Party, Luis Bercenas, mu nama nshingamteka.

Bwana Bercenas yemeza ko yahaye bwana Rajoy n'abandi bategetsi, amafaranga yarishwe mu buryo budaciye mu mategeko, n'amashirahamwe y'ubwubatsi.

Umushikiranganji wa mbere avuga ko ikosa yakoze ar'ukugirira icizere umuntu atri ibikwiye, ariko ko ataco yigeze ahisha.

Kizigenza mu butavuga rumwe na leta, Alfedo Perez Rubalcaba, avuga ko bwana Rajoy atabwije ukuri abanyagihugu ba Espagne, agasaba ko atanga imihoho.