Zimbabwe: Umugambwe MDC ushaka kwivumbura

Image caption Roy Bennett, umunyabigega wa MDC

Roy Bennett, umunyabigega w'umugambwe MDC, avuga ko abanyagihugu bakwiye kugondoza abo mu mugambwe ZANU-PF wa Robert Mugabe gutwara bonyene.

Ivyo yabishikirije inyuma y'aho bimenyekaniye ko ZANU-PF yatsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka.

MDC uja waramaze kuvuga ko utazokwemera ivyavuye mumatora wemeza ko yibwe.

Ibi bije mu gihe uwo mugambwe uri mu nama yihutirwa yo kwihweza ivyavuye mur'ayo matora.

Umurwi w'igihugu ujejwe gutunganya amatora wamenyesheje ko ZANU-PF watsindiye intebe 137 kuri 210 mu nama nshingamateka.

Amajwi y'amatora kumwanya w'umukuru w'igihugu n'ubu baracayarindiriye.