Australia izoja mu matora mu kw'icenda

Image caption Kevin Rudd, umushikiranganji wa mbere wa Australia

Umushikiranganji wa mbere wa Australia yatangaje italiki y'amatora igihe yagendera guverineri jenerari.

Umugambwe wiwe ugiye guhangana n'uw'abagendera ku matwara ya kera uyobowe na Tony Abbott, bivugwa ko ariwe afise amahirwe yo gutsinda.

Ibibazo vy'ubutunzi, impunzi n'ihindagurika ry'ikirere nivyo biri mu vya mbere biraje ishinga abategetsi.