Ambasade zirenga 20 za Amerika zirugaye

Image caption Ibiro vy'uhagrariye Amerika iDhaka

Itangazo rigabisha ingenzi z'Abanyamerika kwigengesera ryasohotse ku munsi wa gatanu, rizokomeza kubahirizwa kugeza mu mpera z'ukwezi.

Ubutegetsi bwa Leta zunze Ubumwe za Amerika bumenyesha ko hari impungenge ko ibitero bishobora gukorwa n'imirwi imeze nka Al Qaeda, mu burasirazuba bwo hagati no mu buraruko bwa Afrika.

Perezida Obama yaraye ahuye n'umurwi w'abakuru mu bajejwe umutekano, bamubwira uko ico kibazo cifashe.

Iyo nama yari iyobowe na Susan Rice, umuhanuzi ku rwego rw'igihugu mu bijanye n'umutekano.

Harimwo n'umushikiranganji ajejwe kwivun'abansi n'uw'umutekano wo hagati mu gihugu, n'abakuru ba FBI na CIA.

Ibiro vy'abaserukira amerika mu burasirazuba bwo hagati, uburaruko bwa Afrika n'igice ca Aziya birugaye kur'uno munsi w'imana, usanzwe ar'uwo akazi mu bihugu vy'aba islamu.

Muri ivyo biro vyugaye harimwo ivya Amman, Cairo, Riyadh, Kabul na Dhaka.

Ingingo yo kugara za ambasade yaje igihe Amerika imariye kumva ubutumwa bwinshi bwahanahanwa hagati y'abo mu rwego rwo hejuru mu mutwe wa Al Qaeda bavuga ku gitero kuri ambasade.