Ubuhinde:Yakize gufatwa ku nguvu, azira guturirwa.

Image caption Abapolisi batwaye umwe mu bahohoteye umukobwa iDheli mu 2012

Uwo mwana yitavye Imana ejo mu muji wa Calcutta, ahitanywe n' ubushe bwari bwageze ku rugero rwa degre 70%.

Yatewe ari hafi y'urugo iwabo ariko agerageza kwirwanira.

Umuryango wiwe uvuga ko uwamuteye ashaka kumuhohotera, yamusutse ko igitoro ca kerosene, atinya ko uwo mwana azohava amudomako urutoke.

Igipolisi cafashe umuntu umwe ubu ariko arasambishwa.

Mu mpera z'umwaka uheze, hakwijwe inzandiko mu gihugu cose c'Ubuhinde, inyuma y'aho umukobwa w'imyaka 23 afatiwe ku nguvu n'umurwi w'abagabo mu muji wa Dheli, bikamuviramwo urupfu.