Turukiye: 275 bakatiwe n'urukiko

Urukiko

Istanbul ku murwa mukuru wa Turukiya hatangajwe ibihano byakatiwe abantu 275 barimo abageneral, abanyamakuru, abarimu n'abandi baregwa gushaka guhirika ubutegetsi.

21 bamaze kurekurwa. Ibihano by'igifungo bigera ku myaka 47 byahawe bamwe mu baregwa.

Uru rubanza rumaze imyaka 5 rumeze nk'ikigeragezo kuri leta ya kiyisilamu ihanganye n'abashaka ko igihugu cyagendera ku mahame yo kwemera amadini yose.

Imbaga y'abantu yari hanze y'urukiko itegereje kwumva ibyo bihano bagiye bakatira umwe umwe.