Burundi: Agathon Rwasa yabonetse i Bujumbura

Agathon Rwasa

Umukuru w'ishyaka FNL, Agathon Rwasa yahaye ikiganiro abanyamakuru i Bujumbura mu Burundi, aho yagiye ahabona bwa mbere nyuma y'imyaka 3 yaramaze ahunze.

Agathon Rwasa yari yateguye kubonana n'abarwanashyaka be hamwe n'abanyamakuru ku biro bikuru by'ishyaka rye, ariko abapolisi banga ko abo bantu bahahurira.

Ibyo byatumye ajya kubonanira n'abanyamakuru mu rugo iwe.

Yavuze ko anejejwe no gusubira mube ariko ko ababajwe n'ukuntu igipolisi cyabujije abakunzi be kumwakira.

Rwasa yavuze ko ibyo byeretse ubutegetsi ko ariwe uyobora ishyaka FNL nubwo hari ikindi gice cya FNL kiyoborwa na Emmanuel Miburo.

Ngo leta igomba kwemera FNL uko iri atari uko yo ishaka ko iba.

Agathon Rwasa yavuze ko agarutse kwitegurira amatora ateganijwe mu mwaka w'i 2015, yemeza ko abarundi bamutora bagasezerera leta ngo kuko irushye, ngo irangwa ngo gukoresha igitugu gusa.

Agathon Rwasa yahunze mu kwezi kwa 6 ko mu 2010 nyuma y'amatora yavuze ko yagenze nabi akanga kuba imperekeza muri ayo matora.