Ramadan yaranzwe n'ibisasu i Baghdad

Ibitero vy'ibisasu muri Irake
Image caption Ibitero vy'ibisasu muri Irake

Urukurikirane rw'ibisasu vyahitanye abantu 57 mu gice gituwe n'aba Islam b'aba Shia i Baghdad ku murwa mukuru wa Irake.

Ivyo bitero vyagabwe igihe hariko harahimbazwa umunsi mukuru wa Ramadan, uheza ukwezi kw'igifungo ku ba Islam.

Ibisasu vyaturikijwe mu bice bishika indwi vy'umuji, bitumbereza ubunywero, amasoko hamwe n'uburiro.

Bivugwa ko ariyo Ramadan ya mbere iguyemwo abantu benshi mu myaka myinshi ihaciye muri Irake, ubwicanyi bukaba bwasubiye kwiyongera muri ico gihugu.

Ubwicanyi bwinshi bwabaye mu mezi atandatu aheze, bwagizwe n'imigwi y'abarwanyi b'aba Sunni, bagatumbereza ibice bibamwo aba Islam b'aba Shia.

Abantu barenga ibihumbi bine baramaze gusiga ubuzima mu bitero nk'ivyo muri uno mwaka.