Abimukira basize ubuzima mu bwato baja i Buraya

Abimukira bashaka gushika i Buraya
Image caption Abimukira bashaka gushika i Buraya

Imivyimba itandatu y'abimukira baguye mu mpanuka y'ubwato yatowe ku nkengera z'ubumanuko bw'Ubutaliyano.

Abajejwe ikivuko ca Catania mu ntara ya Sicilie bavuga ko abandi bimukira benshi batabawe.

Ibinyamakuru vyo mu Butaliyano bivuga ko ubwo bwato bwatwawe bushitse ku metero 15 ngo bushike kw'isi, abimukira bashibukira mu kigaya.

Bamwe muri bo basomye nturi kuko batari bazi kwoga.

Umuryango mpuzamakungu ONU uvuga ko abimukira n'impunzi ibihumbi indwi n'amajana umunani bashitse mu Butariyano mu gice ca mbere c'uno mwaka.

Benshi bava mu karere ka Afrika ko mu bumanuko bw'ubugaragwa bwa Sahara, cane cane muri Somalia na Eritrea.

ONU ivuga ko abantu bashika ku majana atanu bivugwa ko bapfuye canke baburiye mu mazi mu 2012, bariko baragerageza gushika Iburaya.

Mu mpanuka yabaye uno munsi, ubwato bwari butwaye abantu bashika 120.

Hari amakuru avuga ko ubwo bwato bwarimwo abagore n'abana.

Imivyimba y'abapfuye yatowe n'abakozi bakora mu kibanza co kwinezerezamwo kiri ku nkengero z'ikiyaga.

Amamuko y'abo bapfuye ntaramenyekana, ariko umwe mu bakozi bo ku kivuko yavuze ko bashobora kuba ari abanye Syria.