Abantu 44 biciwe ku musigiti muri Nigeria

Image caption Ahabaye igitero ni muri leta ya Borno

Ubwo bwicanyi bwabereye mu muji wa Konduga, kuri kilometero 35 uva mu muji wa Maiduguri, umurwa mukuru wa leta ya Borno

Abarashe bikekwa ko boba ari abo mu murwi wa Boko Haram, umaze guhitana abantu baharurwa mu bihumbi mu buraruko bwa Nigeria kuva mu 2009.

Ikinyamakuru ca Nigeria Daily Post, gitangaza ko abandi 26 bariko bavurirwa mubitaro vya Maiduguri.

Umwe mu bari mu murwi ujejwe guteramira umutekano mur'ako gace yabwiye iyandikiro ry'amakuru AP, ko bane mu bo bakorana bahasize ubuzima igihe bahamagarwa kuja gutabara.

Abandi banyagihugu 12 biciwe mu kirwati ca Ngom, hafi ya Maiduguri.

Perezida wa Nigeria Goodluck Jonathan yatangaje ingingo z'umukwabu muri leta zitatu zo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria kuva mu kwa gatanu.

Yarungitse ingabo zija guhiga abo mu mutwe wa Boko Haram.

Boko Haram ishaka gutembagaza ubutegetsi bwa Nigeria igashiraho amategeko ashingiye ku vyiyumviro vy'idini rya islam sharia.

Umunyamakuru wa BBC ariyo, Will Ross, avuga ko n'aho Boko Haram yagiye igaba ibitero ku bakirisu, hari aho yagiye yica n'aba islamu.

Inkuru y'ibi bitero yagiye ahabona kuber'amasanamu ya video yatangajwe n'umukuru w'uwo murwi, Abubakar Shekau, yemeza ko aribo bagavye ibitero biheruka birimwo ivyagabwe ku bapolisi no ku basirikare.